Mu gicugu co kuri uyu wa gatatu gishira uwa kane niho ibiziga birenga 10 vy’abasirikare hamwe n’abakomeretse bagera kuri 8 vyashikanwa i Bujumbura. Ni inyuma y’imirwano ikomeye yabahuje n’umuhari FNL urongowe na Aloys Nzabampema mu ntara ya Kivu y’ubumanuko , ni mu buseruko bwa Congo hari kuwa gatandatu no kuw’Imana w’indwi iheze.
Amakuru ava mu gisirikare c’uburundi avuga ko ibiziga 11 vy’abasirikare vyashikanywe mu buruhukiro bitwa Rwantanamo iri muri zone Rukaramo , ni mu nkengera z’ikibuga c’indege ca Bujumbura hari mw’ijoro ryo kuwa gatatu rishira uwa kane w’iy’indwi turimwo. Abandi bari bakomeretse umunani baciye bajanwa kuvurirwa mu bitaro vy’abasirikare biri mu Kamenge, ni mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’ahandi hasanzwe havurirwa abasirikare.
Ayo makuru nyene avuga ko hari n’abandi basirikare babuzwe irengero mw’izo ntambara abo bandi baguyemwo. Izo ntambara zikaba zabereye mu karere ka Kalundu ni mu ntara ya Kivu y’ubumanuko bwa Congo.Abo basirikare bakavuga ko zabahuje n’umuhari FNL wa Aloys Nzabampema ku misi ya gatandatu no kuw’Imana w’indwi iheze.
Mu ndwi iheze, Isidore NIBIZI ari mu barongozi b’umuhari FNL yatangaje abicishije kw’iradiyo RPA ko bashoboye kwivuna abasirikare b’uburundi barenga 30 maze anatanga umwidondoro w’abasirikare bapfiriye mw’iyo mirwano. Ku ruhande rw’uwo muhari rukavuga ko rwakomerekeje abarwanyi bawo babiri gusa.
Uwuvugira igisirikare c’uburundi ntaco arashima kugira ico avuze ku bijanye n’abasirikare bamaze imisi bicirwa muri Congo abandi bakahakomerekera. Imiryango y’abasirikare bajanywe muri Congo ibabazwa n’ukuntu itamenyeshwa ko ababo bapfuye maze ikore imigirwa ikorerwa nk’iy’abandi baba bapfuye.