Ishirahamwe ALUCOMAFB ryiyemeje kurwanya abasesagura amatungo ya Leta hamwe na forode ryaratanguye gukorera ku mugaragaro kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2023. ALUCOMAFB ikamenyesha ko ije kwifadikanya n’ayandi mashirahamwe n’inzego za Leta kurwanya abasesagura amatungo ya Leta n’abakora urudandazwa rwo mu kinywabi.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Region Week, Richard Nizigiyimana arongoye ALUCOMAFB avuga ko bitakiri agaseseshwa rumuri ko mu gihugu c’uburundi hariho ubunyonyezi budasanzwe hamwe n’abasesagura amatungo ya Leta. Agatanga akarorero ko mu bushikirakanganji bumwe bumwe usanga hariho imiduga yahebwe ataco iriko irakora ariko ngo ugasanga ubwo bushikiranganji buguma bugura imiduga mishasha.
Nkuko Richard Nizigiyimana abandanya abisigura, ngo hari igihe uca usanga abo bo mu bushikiranganji baciye bayigurisha ku mahera makeyi nk’imiriyoni zitatu ariko ugasanga uwuyiguze ahejeje kuyisiga uturangi canke kuyikosora utubazo iba yarisanganywe aciye ayigurisha usanga aciye aronka imiriyoni 80 kuduga.
Tubamenyeshe ko ALUCOMAFB ije guhamvya ishirahamwe OLUCOME rimaze imyaka irenga 15 riri mu rugamba rwo kurwanya abarya ibiturire no gusesagura amatungo ya Leta. Urugamba benshi babona ko rugoye kuko OLUCOME idahengeshanya kwama yagiriza abategetsi b’igihugu kuba bari mu banyonora amatungo y’igihugu hamwe no kurya ibiturire, Ivyama vyatumye OLUCOME yama yarwanijwe n’ubutegetsi kuko bubona ko itabworohereza muvyegeranyo yama yashize ahabona .





Recent Comments