Abasirikare b’uburundi bagera kuri batanu nibo basize ubuzima mu ntambara yabahuje kuri uyu wa kabiri n’abarwanyi b’umuhari FNL urongowe na Aloys Nzabampema, yabereye mu ntara ya kivu y’ubumanuko , mu buseruko bwa Congo .Nkuko bishikirizwa na Ambassadeur Isidore Nibizi, asanzwe Avugira uwo muhari, nuko abasirikare batari bake bahakomerekeye.
Mu kiganiro yagiranye n’iradiyo RPA, Isidore Nibizi yagize ati :”Igihe c’isaha icenda, inshirwarimenetse za FNL zari mu bikorwa vya misi yose zikizura niho babona umurongo w’abasoda wa FDN baduganye imfungurwa ku kirindiro cabo abandi babaherekeza . Niho ingabo za FNL zabatega umutego hapfamwo abashika batanu , abandi bata ivyo bari bikoreye barahunga harimwo n’abakomeretse tutashoboye kumenya. Hagati aho, FNL yarahatoye inkoho zibiri za Kalashnikov na gerenade hamwe n’ivyo bari bikoreye. Ku ruhande rwa FNL nta numwe yigeze akomereka”
Uwo mutegetsi asanzwe ari mu ndongozi za FNL aravunira akagohe abasirikare b’uburundi hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD kureka kuza bemera gupfira ubusa ataco bariko bazira kubera inyungu yise iz’akarwi ka bantu bari ku rushi.
Tubamenyeshe ko Kuva abasirikare b’uburundi batanguye kugaba ibitero ku birindiro vy’abarwanyi ba FNL bari mu mashamba ya Itombwe hamwe no mu burere bwa Nahombi, Abasirikare b’uburundi batari boba barenga 60 bahasize ubuzima hamwe n’abandi bakomerekeye mw’izo ntambara nkuko bamwe mu basirikare bagiye kurwanira mu gihugu ca Congo babimenyesha. B