UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ibinyobwa vya BRARUDI bisigaye biri nk-umuzi w-ibuye kugira biboneke mu gisagara ca Bujumbura.

Ukurondera ibinyobwa vya BRARUDI mu gisagara ca Bujumbura  ni nko kurondera umuzi w-ibuye kuko ata nzoga zikiboneka , bikavurwa ko nyishi mw-izo nzoga zoba zijanwa mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.Pénurie des produits BRARUDI et flambée incontrôlée de leurs prix - Radio  Inzamba

Umwe mu banyagisagara yavuganye n-ikinyamakuru UBM News avuga uku:« ibinyobwa vya BRARUDI urumva vyabaye akananira bahinga , ntiworaba nukuri!  Ukwo bimeze ubu aha i bujumbura bisigaye twese bidusiga ubwenge. Inzoga ziguma zigira muri congo natwe iwacu tukazibura. Abategetsi bacu nibahagurukire ico kibazo»

Abasanzwe bacuruza ivyo binyobwa mu gisagara ca Bujumbura bakaba batanguye kwikika mu kiza mu guca baduza ibiciro. Akarorero ni icupa rya Amstel hamwe na Primus ryongeweko amafaranga 700 y-amarundi. Ibinyobwa vyose bikaba vyadugijwe ibiciro kiretse ikinyobwa c-ifanta conyene. Abanyagisagara ca Bujumbura bakaba bafise ubwoba ko nyabuja hariko hegereza imisi mikuru irangiza umwaka ivyo binyobwa bigiye kuzobura burundu bitewe ko bigiye gukenerwa n-abantu benshi cane.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments