Umugambwe CNL umenyesha ko abanywanyi bawo barenga 200 aribo bamaze gufatwa , hama abarenga 20 baricwa harimwo n-ababuzwe irengero kuva mu mwaka w-2020. Bivurwa n-umushingamateka Agathon RWASA, akaba kandi n-umukuru w-uwo mugambwe ku rwego rw-igihugu, hari mu makuru yo kw-iradiyo n-imboneshakure ISANGANIRO.
Agathon RWASA avuga ko akenshi mw-abo banywanyi bafatwa baza bagirizwa n-abari mu ntwaro hamwe n-abo mu nzego z-umutekano gukorana n-abaroberi , ahandi bagahagarikwa ata mitahe yerekanywe.
Kubw-uwo murongozi mukuru w-umugambwe CNL, nuko uruhigi ruguma rukorerwa abanywanyi biwe ata mvo zifashe ziboneka. Agasaba ubutungane bw-uburundi gukora ataho buhengamiye canke bugakora ata tegeko na rimwe riva ku muntu runaka.
Recent Comments