Nkuko vyari vyamenyeshejwe, kuri uyu w-Imana igenekerezo rya 5 kigarama 2021 niho hatunganywa amatora y-umukuru w-ishirahamwe ry-umupira w-amaguru mu Burundi, FFB hamwe n-umurwi nshingwabikorwa w-iryo shirahamwe.
Alexandre Muyenge, yarasanzwe arongoye igipolisi API, gicungera abagize inzego hamwe n-umukuru w-igihugu, niwe yatowe kurongora iryo shirahamwe ry-umupira w-amaguru. Icegera ciwe cambere kikaba ari Nimubona Arcade, icegera ca kabiri ni Moustapha Samugabo. Uwujejwe ivy-inkino ni Yousouf Mosi, Uwujejwe ivy-inkino z-umupira w-amaguru mu rwaruka ni Nyamugaruka Dominique, umunyabigega ni Denis Karera. Hama uwuraba ivy-ubushobozi bw-abakinyi ni Bandyatuyaga Alexis.
Imwe mu migambinyamukuru Alexis Muyenge asubiriye Reveriyano Ndikuriyo mu mabango yo kurongora FFB, amenyesha ko azoshira imbere guteza imbere umupira w-amaguru mu bakiri bato hamwe no kubandanya arondera abakinyi bafise amamuko mu Burundi basanzwe bakinira mu mahanga kugira baze gufasha abari mu gihugu, maze umurwi nserukiragihugu w-uburundi ubandanye ukomera.
Recent Comments