Fabien Banciryanino yashizwe mu ‘kumba k’ikosorero’

0

Amakuru ariko akwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi avuga ko uwahoze ari umushingamateka w’Uburundi ariwe Fabien Banciryanino ubu yashizwe mu ‘kumba k’ikosorero’ akavugwa ko gateye akaga cane.

Uwatanze inkuru umwe avuga ko ako ‘kumba k’ikosorero’ bamwe nabandi bakunze kutagasohoka kubera ko uwukajanyemwo ashobora guhabwa ishano canke akicwa.

Fabien Banciryanino rero akaba yajanwe muri ako kumba inyuma yo kwagirizwa ko yavugiye umufungwa mugenziwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba riri mu gisagara ca Bujumbura maze aca atwarwa muri ako kumba.

Abatari bake bariko batabariza uwo Fabien Banciryanino(uwusanzwe kandi arwaye) kugira ntihagire ico aba na rirya ko usanga ako kumba ata muco uhari.

Muri ako kumba k’ikosorero kari mwibohero rikuru rya Mpimba bikavugrwa kandi ko ata toilette ihari kandi ko vyose uhereza ngaho ushatse kwitabara.

Kakaba kandi gafise intoboro imwe gusa icamwo udufungurwa kugira uwukajanywemwo ntiyicwe n’inzara.