UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ibikoresho vya Maison shalom vyasahuwe n’ubutegetsi bwa Cndd-Fdd-Marguerite Barankitse

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye ikigo Maison shalon Marguerite Barankitse arababazwa n’ingene amazu n’ibindi bikoresho vyinshi vy’ikigo maison shalom vyasahuwe n’ubutegetsi bwa Cndd-Fdd kandi ico kigo cariko giharanira ineza y’abana b’uburundi.Ibi yabishikirije inyuma yaho kuno kwezi kwa ntwarante kwahariwe umukenyezi kw’isi.


Margarita Barankitse agira ati:«Barabitwaye gushika aho vyajanywe I karusi mu bitaro”cinquantenaire”natwe turashoboye sinzi ko bagomba kuvuga bati na twebwe turashoboye si maison shalom yonyene ibishoboye batwara ibikoreshosho vya hopitali rema babitwara I karusi.nimba bari bafise ubufasha bwo kugura ibikoresho no amafaranga yagiye hehe ko baciye baja gutanguza ibitaro vya cinquantenaire ibikoresho vyose baratwaye.amafaranga yose icariho c’umushikirizamanza mukuru yaranditse asaba uko amahera yagiye arasohoka yinjira y’ububiko bwose bwa maison shalom ngo arabe kuko bibaza ko amafaranga dufise twayafashishije mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunzi hamwe n’iirwi irwana.amaze kuraba uko amahera yagiye asohoka yinjira(historique)asanga n’imiti ya pharmasi igenda no guhemba abakozi no gufasha abana.ntaho yigeze abona amahera yasohotse adafise insiguro.ivyo bikoresho bariko bariba sivya maison shalom nivyo abarundi.»

Ikigo maison shalom cavutse mu mwaka wa 1993 mu Burundi mu gihe hari indyane z’intambara mu gihugu kiza nkikije gutanga umuco mu kubabariranira hamwe no gutanguza urunganwe rushasha rushoboye kurwanya no gutsinda ubugizi bwa nabi.ikigo maison shalom kikaba cakorera mu Burundi no Rwanda.

Ikigo maison shalom cari gisanzwe kirangura ibikorwa vyinshi mu gihugu harimwo gufasha no kwigisha abana b’impfuvyi,abana abana abavyeyi babo bahitanywe n’umugera wa Sida,abana bo mw’ibarabara hamwe n’abandi bana bafise ibibazo bitandukanye.

Uwurongoye ikigo maison shalom akaba yahavuye ahunga igihugu mu mwaka wa 2015 igihe yagirizwa gushigikira abariko bakora imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca nkurunziza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments