UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

CAVIB barahumuriza abarundi bafise ama dosiye muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gustave Niyonzima arongoye urunani CAVIB rw’abashingwamanza rwishinze kuburanira abashikiwe n’ivyago kubera intambara yadutse mu Burundi mu mwaka wa 2015 arahumuriza abarundi bafise ama dosiye muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu ko amatohoza ageze kure kandi k’ urugero rushimishije.ibi yabishikirije inyuma yaho ku wa 24 ntwarante buri mwaka hibukwa umusi wo Kuvugisha ikuri kubijanye n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu.


Gustave Niyonzima arongoye urwo runani amenyesha ko uwo musi ushitse mu gihe mu Burundi hacibonekeza hacibonekeza abapfungirwa ubusa abandi bakagenda mazimayongo,abandi bakaborezwa igufa abandi bakicwa hamwe n’abandi banyarwa utwabo bikaba biva kukudahana kw’ubutungane mbere n’umukuru w’igihugu igenekerezo rya 24 z’ukwa munani 2023 igihe yahura n’abacamanza yivugiye ko ubutungane bwugarijwe n’ibiturire n’akamwana wa mama aho ubwo butungane buca buba igikoresho mu gufata abaharanira agateka kazina muntu,abamenyesha makuru hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Uwo arongoye CAVIB araremesha kandi abarundi bafise ama dosiye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha ko borema amatohoza ageze kurugero rushimishije.agira ati:«Muri CAVIB ico tuvuga duhamagarira abarundi kuguma babandanya kudomako urutoke amabi y’agahomerabunwa abandanya gukorwa kandi nkaba ndabizeza yuko ama dosiye menshi y’abahohotewe yamaze gushika muma sentare mpuzamakungu ariko ariko aratohozwa neza bitebe bitebuke abakoze ayo mabi bazobibazwa intahe ibakubite mu gahanga.»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments