Ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’Epfo bishobora kwirukanwa muri EAC

0

Ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’Epfo bishobora kwirukanwa mw’ishirahamwe ryy’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, EAC, mu gihe ivyo bihugu bitogira ico bikoze.

Impamvu yotuma ibihugu vya Sudani y’Epfo hamwe n’Uburundi vyirukanwa ikaba ari uko ivyo bihugu uko ari bibiri bitariha intererano y’amahera asabwa buri mwaka gutangwa n’ibihugu vyose bigize EAC.

Ikindi kandi nuko abashingamateka ba EAC bamaze amezi arenga atatu badahembwe imishahara yabo. Umushingamateka umwe wa EAC ashobora guhembwa amafaranga arenga 6000$( Ayarenga 15 miliyoni mu mafaranga y’amarundi).

Uburundi bukaba buheranye amafaranga ashika ku 15 000 000 USD $ (nka miliyaridi zirenga 40 mu mafaranga y’amarundi).

Igihugu naco ca Sudani y’Epfo giheranye amahera kitarariha muri EAC ashika ku 27 000 000 USD $.

Imvo yo kwirukana Uburuundi na Sudani y’Epfo ikaba yasabwe n’abashingamateka ba EAC bamaze amezi badahembwa kubera amadeni atararihwa.

Ibihugu bigize EAC nivyo bisigaye kwicara bikaraba nimba vy’ukuri Uburundi na Sudani y’Epfo vyokwirukanwa muri uwo muryango wa Afrika y’Ubuseruko.