Amizero y’abarundi azokwemera ibibanza bayihaye

0

Evariste Ngayimpenda

Mbega Amizero y’abarundi yoba izohava ija muri leta ya Bujumbura nkuko amajwi yabonetse mu matora abivuga? Ico ni kimwe mu bibazo umuntu yokwibaza abonye ko iyo migambwe ariyo yabaye iya kabiri muri ayo matora naho bari bamenyesheje ko batazitoza.

Ngayimpenda Evariste yamenyesheje ko Amizero y’abarundi izoja muri iyo leta bivanye n’uko iyo leta iyaze n’abo batavuga rumwe, nayo ikibazo kijanye n’ihamagarwa ry’inama nshingamateka nshasha yamenyesheje ko ivyo bidakunda kuko ikiringo c’inama nshingamateka ihari ubu kitazoba kirahera, ngo nta kuntu inama nshingamateka zibiri zokorera icarimwe.