Ibihano vy-ubutunzi Ubumwe bwa buraya bwafatiye Leta y-uburundi vyongerejwe ikindi kiringo c-umwaka umwe.

0

Umuryango w-ubumwe bwa buraya waraye wongereje ikindi kiringo c-umwaka umwe ibihano vy-ubutunzi wafatiye Igihugu c-uburundi kuva mu mwaka w-2016. Ivyo bihano vyatewe nuko Leta y-uburundi  yahonyanze amasezerano y-i Cotonou,   bikaba vyongerejwe gushika muri gitugutu 2022.The Government of Burundi starts a political dialogue with the European  Union - ForeignPolicyWatchdog.com

Leta y-uburundi ibicishije ku mushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu Albert Shingiro yari yamenyesheje ko afise icizere kinini ko ivyo bihano bigiye gukurwa ku burundi ni inyuma y-ibiganiro yagiranye n-ubuserukizi bw-ubumwe bwa buraya mu burundi hari muri Ruheshi 2021. Ariko ico cizere kikaba camaze urume umwanya rumara.

Ico gihe Albert Shingiro yari yavuze uku:«Dusozereye ino nama ku gakuru keza aho duhawe ubutumire bwo kuzotemberera muri bimwe mu bisagara vy-ubumwe bwa buraya . Ni ikimenyetso c-uko imigenderanire itanguye kuba myiza gusumba. Twibaza ko muri kazoza ka vuba imigenderanire igiye kuzoba myiza nka kera maze dukure mu nzira ibibazo vyadutandukanya vyahora ari inzitizi ku migenderanire yacu  muri kino kiringo c-imyaka itanu iheze»

Amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike arakenguruka iyo ngingo yaraye ifashwe n-umuryango w-ubumwe bwa buraya ku burundi. Kubwa FORSC, ibona ko ibihano vy-ubutunzi vyafatiwe Leta y-uburundi bigumizwaho ari ingingo nziza kuko bije guuma Leta y-uburundi yikubita agashi kugira igondozwe yubahirize agateka ka muntu mu Burundi. «iyo ngingo ni nziza cane kuko irereka Leta y-uburundi kuvyo bakora amakungu abibona kandi amakungu adashobora gusasira indava ubwicanyi mu gihugu c-uburundi » Niko Vital Nshimirimana arongoye FORSC ashima.