Christa KANEZA, aridegemvya inyuma y-amezi cumi apfunzwe ku karenganyo yagirizwa kugandagura umugabo wiwe.

0

Umupfasoni Christa KANEZA yari yagirijwe ku karenganyo  n-ubutungane ko yagize uruhara runini mw-igandagurwa ry-umucance wiwe Thierry KUBWIMANA, yasohotse kuri uyu wa gatatu  ibohero rikuru rya Mpimba  inyuma y-amezi cumi yaramazeyo.Umupfakazi Christa Kaneza yaraye mugasho ijoro ryambere, dosiye irimwo  ibinyegezwa – UBM News |United Burundian Media| Amakuru agezweho y'abarundi

Mu kwezi kwa mbere umwaka w-2021, niho uwo mupfasoni yahagaritswe n-igipolisi , kimwagiriza imbere y-isinzi ry-abantu ko yakoranye n-abamwiciye umugabo wiwe, Thierry KUBWIMANA . Umuvugizi w-igipolisi Petero Nkurikiye  nta cemezo na kimwe yigeze yerekana  mu kwambika ibara uwo mukenyezi w-imyaka 18yarakwije ico gihe, yapfakaye inyuma y-amezi atatu gusa ashinze urwiwe.

Muri Ruhuhuma 2021, niho sentare nkuru ya komine Muha yatanze itegeko ko Christa KANEZA arekurwa ivy-agateganyo ariko umwe mu bakozi bakomeye bo mu rwego rw-iperereza ry-uburundi ,OPC1 Alfred Innocent Museremu yaranse ishirwa mu  ry-iyo ngingo y-abacamanza, ivyatangaje benshi kuko vyerekanye neza ko ubutungane bw-igihugu c-uburundi butigenga na gato.

Mu ndwi iheze, amashirahamwe atari make yo mu Burundi hamwe n-ayandi mpuzamakungu yarandikiye umushikiranganji mushasha w-ubutungane , umupfasoni Domine  BANYANKIMBONA amusaba ko yokwubahiriza izo ngingo z-ubutungane zirekura Christa KANEZA .