Ambasaderi Willy NYAMITWE niwe agiye kurongora ikigo CNC.

0

Ambasaderi Willy NYAMITWE niwe yatowe  kurongora urwego rwa Leta rujejwe gucungera ibijanye n-ukumenyeshamakuru , CNC mu mpfunyapfunyo.Image

Uwo yahoze ari umuhanuzi mukuru mu biro vy-umukuru w-igihugu yatowe kuyobora CNC, asubiriye Nestor Bankumukunzi aheruka kuzezwa ayandi mabanga yo guserukira igihugu c-uburundi mu gihugu ca Maroc.

Chanel Nsabimbona yigeze kuba umuyobozi w-iradiyo n-imboneshakure vy-igihugu RTNB, nawe yatowe kuba umunyamabanga nshingwabikorwa w-ico kigo . Akaba asubiriye mu ngata Jacques Bukuru yajejwe nawene ayandi mabanga.