UBM News ads

Burkina Faso: Perezida Christian Kaboré n-abandi bategetsi bari mu minwe y-abasirikare bafashe ubutegetsi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Burkina Faso: Perezida  Christian Kaboré n-abandi bategetsi  bari mu minwe y-abasirikare bafashe ubutegetsi.

Burkina Faso President Arrested by Mutinous Soldiers: Security Sources

Akarwi k-abasirikare karongowe na Lieutenant-Colonel Paul-Henri  Sandaogo Damiba katangaje ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere biciye mw-itangazo ryasohowe  ko kahagaritse ubutegetsi bwa Perezida Roch Marc Christian Kaboré. Iryo tangazo rivuga kandi ko abo basirikare bahagaritse Leta hamwe n-inama nshingamateka  hamwe n-ibwirizwa shingiro rya Burkina Faso.

Abo basirikare bamenyesheje kandi ko bamwe mu bategetsi bahahora bapfungiwe mu kibanza batashimye kumenyesha.  Kuri uyu wa mbere hiriwe hacanako amasanamu  n-amareresi yerekana ingene imiduga irerura umukuru w-igihugu  zaraye zicucagiwe amasase. Gusa  Umugambwe uri ku butegetsi  MPP ariwo Perezida Kaboré yaturukamwo  wari watangajeko umukuru w-igihugu Christian Kaboré yarahaye ahatswe kugandagurwa.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments