Urubanza ruburanishwamwo Rusesabagina Paul na bagenzi biwe mu Rwanda rwabandanije.

0

Mu Rwanda urubanza ruburanishwamwo Rusesabagina Paul na bagenzi biwe rwabandanije kuri uyu wa kane abaregwa ari bo bafise ijambo ryo kwiregura, inyuma yaho ubucamanza buhereje kubagiriza bose uko ari 21.

Nsengimana Herman yigeze kuba umuvugizi wa FLN asubiriye Nsabimana Callixte “Sankara” na Koloneli Nizeyimana Marc yahoze mu ngabo za FLN, ni bo bireguye kuri uyu wa kane.

Bose uko ari babiri bemeye ko babaye mu mugwi wa gisirikare wa FLN ariko bavuga ko batari bazi ko ari umugwi w’iterabwoba. Ubucamanza buvuga ko abireguye uyu munsi bategerezwaguhanirwa ibikorwa birimwo ubwicanyi bwakozwe n’abarwanyi ba FLN kubera ko bari mu nzego z’ubuyobozi z’uwo mugwi.

Nsengimana Herman aregwa ivyaha bibiri birimwo kurema umugwi wa gisirikare utemewe,  no kuba mu mugwi w’iterabwoba. Nsengimana avuga ko yinjiye muri FLN mu mwaka wa 2018, yinjijwemwo na Nsabimana Callixte Sankara bari bazinanye, inyuma y’umwaka umwe akagirwa umuvugizi wa FLN. Nsengimana Herman yavuze ko n’ubwo yabaye umuvugizi wa FLN ivyo yavuga vyose yaba yabihawe n’abamukuriye, we agasabwa kubitangaza gusa.

Ivyaha yagirizwa birimwo ivyo kuba mu mugwi w’iterabwoba, ivy’ubwicanyi bwabereye Nyabimata n’ivyo gusahura abanyagihugu vyose arabihakana. Koloneli Nizeyimana yavuze ko ata gikorwa c’iterabwoba yakoreye ku butaka bw’u Rwanda ndetse n’ubwa Congo.

Ati “Sinigeze ntanga amategeko mur’ivyo bikorwa vy’iterabwoba kugeza ngejejwe mu Rwanda, niho namenye ko FLN ari umugwi w’iterabwoba. Koloneli Nizeyimana Marc yavuze ko icaha c’Ubwicanyi nk’igikorwa c’iterabwoba aregwa, naco atacemera

Inyuma yo kwisigura kw’aba baregwa babiri, hasigaye urutonde rw’abaregwa 18 kuko Sankara yahejeje kwiregura, nayo Rusesabagina we yavuze ko atazongera kwitaba urubanza.