UBM News ads UBM News ads
Wednesday, April 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Hoba hagiye kuvuka CNL nyakuri ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Hari umurwi w’abanywanyi b’umugambwe CNL bagiriza umushingamateka Agathon RWASA asanze arongoye uwo mugambwe kutubahiriza amategeko y’umugambwe. Uwo murwi ukiyamiriza ivyavuye mu makoraniro y’uwo mugambwe yabaye kuwa 12 na 30 Ndamukiza 2023. Muri CNL bobo bavuga ko uwo murwi ufise intumbero imwe rudende yo gushinga ishami rya CNL bise nyakuri.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona n’uwo murwi kuri uyu wa mbere rwongera ruterwa umukono n’uwitwa Nestor Girukwishaka, basigura ko amakoraniro yabaye kuwa 12 na 30 Ndamukiza 2023 atakurikije amategeko agenga umugambwe arico gituma ngo babonako ivyavuyemwo ata gaciro bifise.

Abo banywanyi ba CNL baremeza kandi ko haciye amezi atandatu indongozi nkuru z’uyo mugambwe uhereye ku bari mu biro bikuru vy’uyo mugambwe barangwa n’ukwinubana n’ukurabana ay’ingwe.

Abajijwe na Radiyo Bonesha FM kugira ico avuze kurwo rwandiko rwanditswe n’uwo murwi w’’abanywanyi ba CNL, Simon Bizimungu asanzwe ari umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe yishuye ko abasohoye urwo rwandiko bakoresheje ibimenyetso vy’umugambwe kandi batari mu nzego. Akanegura ukuntu uwo murwi uvuga ko uri mu biro bikuru vy’umugambwe kandi inzego zizwi zihari. Simon Bizimungu akabona ko ata yindi ntumbero bafise Atari iyo gushinga ishami ry’uyo mugambwe ico yise nyakuri

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments