UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 13, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abasirikare bo ku Mudubugu bagire baje i Somaliya bavuga ko bariko baterwa ubwoba kugira basinyire amafaranga batigeze bahembwa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abasirikare b’uburundi bari ahitwa ku Mudubugu bitegurira kurungikwa mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya bavuga ko bariko bategekwa gusinyira amafaranga batigeze bahembwa. Ngo n’uwutari hafi akaba ari ku rutonde rw’abazoja mubwo butumwa bategeka bagenziwe kumusinyira nayo ngo uwuvyase aca akurwa ku rutonde rw’abazogenda.

Abo basirikare b’uburundi bari ku Mudubugu ngo bitegurire kuja mu butumwa bwo kugarukana amahoro muri somaliya bavuga ko bagiye babona intumwa zivuye I Bujumbura zizanye intoned ziriko amafaranga angana umumiriyoni n’ibihumbi amajana indwi ngo bayasinyire ko ariyo bahembwe ku kwezi ku kwezi bari muri somaliya mu mwaka wa 2020.

Abo basirikare bakavuga ko bitangaje kwumva umusirikare wese bamutwaye amafaranga arenga imiriyoni 7 ku mwaka yamaze muri somaliya. Bakavuga kandi ko badatahura uburyo babasinyisha kuyo batigeze babahemba mu gihe n’amadorare amajana abiri barenganijwe izuba riva batigeze bayakomorerwa n’inzego zose bituye uhereye ku mukuru w’igihugu w’ico gihe umuhisi Petero Nkurunziza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments