Umurwi w’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Epfo, Senegal, Zambie, Congo kinshansa , Uganda na Egypte bagiye kwishikira mu bihugu vya Ukraine n’uburusiya kugira bahuze impande zibiri zimaze igihe kirenga umwaka ziri mu ntambara.
“Intumwa z’abakuru b’ibihugu vya Afrika bagera kuri batandatu bategekanya kwishikira hamwe bikunze I Moscou na Kiev kugira herekanwe umugambi wo kugarukana amahoro” Niko cyrille Ramaphosa ,umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo yatangaje ejo kuwa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.
Yarongeyeko ati :”uwo murwi ugiye kugarukana amahoro uzoterera ku bundi bwigoro bumaze gukorwa kugira haboneke umuti w’amahoro ku ntambara imaze igihe isambura”
Mw’ico kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, Cyrille Ramaphosa yamenyesheje ko abakuru b’ibihugu vy’uburusiya na Ukraine biciye mu kiyago bagiranye kw’iterefone, bemeye kwakira izo ntumwa z’abakuru b’ibihugu vya Afrika.
Tubamenyeshe ko Afrika y’epfo kuva intambara ya Ukraine n’uburusiya itanguye, yagiye yerekana ko ataho ihagaze. Ivyo bikaba vyagiye birababaza ibihugu vyo mu burengero bw’isi kuba Ico gihugu co ku mugabane wa Afrika cashimye gushigikira Perezida Vladmir Putine mu mugambi wo gutera igihugu ca Ukraine ata mvo zifadika afise.