Haravuzwe Indimi Zibiri Ku Bijanye N’Ukuduzwa Kw’Ibiciro Vy’Umyagankuba, Ukuri ni Ukuhe?

1

Inyuma y’aho Umushikiranganji w’Amasôko Ntanganguvu N’Ubutaka,Côme Manirakiza, amenyeshereje ko ubukene bw’umuyagankuba bugiye kugabanuka maze umuyagankuba ukaboneka bikwiye mu gihugu cose, haraciye inkuru zitari nke zaje zivuga ko ibiciro vy’umuyagankuba vyobaye ivy’umurengera.

Ayo makuru atandukanye yavuga ko igiciro ca Kwh 1( ingero y’umuyagankuba) cokwiyongereye gushika ku bice 400 kw’ijana(akaorero ku wahora agura umuyagankuba wa 17000 Fbu, yotegerezwa gutanga amafaranga 68000 Fbu. .

Ariko rero ivyo Umushikiranganji yarabibeshuje avuga ko iyongerekana ry’ibiciro vy’umuyagankuba atari umurengera ko bigereranye bivanye nuko umuyagankuba uzoba wabonetse.

Ku wa 31 Mukakaro 2017, Umushikiranganji Côme Manirakiza yarabimenyesheje ko guhera mu mpera za kuno kwezi kwa Myandagaro,hazoba iyongerekana ry’igiciro c’umuyagankuba kuri Kwh,aho hazoba iyongerekana ry’amadolari y’Abanyamerika 0.20( 0.20 USD) kuri kwh( nkamarundi ashika canke arenga gato 340 fbu) azokwiyongera kuyarasanzwe agurwa KwhKwh ; (Rero nk’akarorero kuwahora agura Kwh 20 hazoba iyongerekana nkirya 6000 fbu kuyo yahora atanga).

Côme Manirakiza, Umushikiranganji w’Ubutaka n’Amasôko Ntanganguvu.

Nkuko Umushikiranganji yabandanije abimenyesha, hagiye kuzoshirwaho irindi sôko ry’umuyagankuba rizokoreshwa n’amazutu,essense; iryo sôko ry’umuyagankuba rikaba rizotanga MW(Mega Watts) 30 zizotuma hiyongera umuyagankuba wahora utangwa bivuye ku ngomero z’amazi, uri hagati ya 40 na 50 MW.

Nk’uko amakuru amwe abimenyesha, iryo sôko ry’umuyagankuba rizokoresha amazutu na essence rifashwe mu mugongo na REGIDESO hamwe n’Ishirahamwe ridandaza ibitoro Interpol, ryoba rigiye gutangura kuja mu bikorwa mu mayinga makeya ari imbere.

Iryo yongerekana ry’umuyagankuba uzoba wazanywe n’ibitoro niryo rizotuma hiyongera amafaranga makeya kuri Kwh kugira itunganywa ryawo ribandanye riboneka.Ivyo navyo bikazotuma icikagurika ry’umuyagankuba rigabanuka cane(delestages).

Iryo cikagurika ry’umuyagankuba rikaba rimaze gutuma abenshi bisumamwo bakoresheje umuyagankuba babura uko batunga imiryango yabo.Mbere bamwe nk’abasudira ivyuma n’abadandaza ibintu bica muma frigo nkamata, baramaze guhagarika ako kazi kabo kubera icikagurika ry’umuyagankuba rimugaje igisata c’umuyagankuba.

1 COMMENT

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here