Kuri uyu wa 5 kigarama 2021, niho hazoba amatora y-uwugiye kurongora ishirahamwe ry-umupira w-amaguru FFB. Ayo matora azobera mu ntara ya Gitega, ku murwa mukuru wa politike. Ariko abariko bahiganwa batari muri CNDD-FDD bamenyesha ko bariko baterwa ubwoba bagasabwa gukurayo kandidatire zabo vyihuta bataribonerako, ndetse baheruka kwitura amashirahamwe hirahamwe y-umupira w-amaguruĀ muri Afrika CAF hamwe n-iryo kw-isi FIFA bayereka ukwivanga kw-umugambwe CNDD-FDD mu bijanye n-itunganywa ry-amatora ya FFB.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru SOS Medias Burundi, Umugambwe CNDD-FDD ushaka ko uha abanywanyi bawo ibibanza vyose vy-ishirahamwe FFB . Uwugiye kurongora iryo shirahamwe ry-umupira w-amaguru mu Burundi akaba ata nkeka ari Géneral Alexandre Muyenge azwi ku kazina ka «Manalex». Ubu akaba arongoye igipolisi API, kijejwe gukingira abategetsi harimwo n-umukuru w-igihugu .No ku bindi bibanza vy-iryo shirahamwe, umugambwe CNDD-FDD ushaka ko abanywanyi bawo aribo babijamwo gusa.
Nkuko tubandanya tubisoma ku rubuga rw-ikinyamakuru Sos Medias Burundi, Uwahoze ari umushingamateka yatowe mu ntara ya Kirundo Jean- Baptiste Nzigamasabo batazira «Gihahe» niwe yihaye igikorwa co gutera ubwoba canke kuburabuza uwo wese yitoje kugira ahiganirwe uburongozi bwa FFB. «Réverien NDIKURIYO , yahora arongoye FFB akaba ubu ari umunyamabanga mukuru w-umugambwe CNDD-FDD yatanze itegeko kuba kandida bitoje batarungitswe n-umugambwe arongoye kuba basokoye kandidatire zabo, Umushingamateka Nzigamasabo niwe yahawe igikorwa co gutera ubwoba uwo wese yo kwanka gusokora kandidatire yiwe» Niko umwe mu bitoje mw-ico kibanza c-uburongozi bwa FFB atari muri CNDD-FDD abivuga.
Tubamenyeshe ko amategeko y-umupira w-amaguru kw-isi FIFA abuza cane abari mu bibanza vya politike kwivanga mu bijanye n-itunganywaĀ ry-umupira w-amaguru. Atari ukwo, ababirenzeko barahanwa bikomeye harimwo no guhagarikwa. Akarorero ni ak-imirwi y-umupira w-amaguru w-ibihugu vya Tchad, Nigeria , Gabon, Sierra Leone hamwe na Djibouti yarahagaritswe kubw-iyo mvo rudende.
Recent Comments