Hans Michael Weis niwe mumenyereza mushasha wa Vitalo’o Fc

0

Hari mu gatondo ko kuruyu wa mbere muri hotel club du lac tanganyika aho uwusanzwe arongoye umugwi wa Vitalo yari yakoranije abanditsi n’abamenyeshamakuru kugira abereke umumenyereza mushasha wuyo mugwi,umumenyereza agiye gusubirira umumenyereza Etienne yari asanzwe amenyereza uyo mugwi wa vitalo
vitalo

Uwurongoye umugwi wa vitalo akaba yahavuye yerekana rero uwugiye kumenyereza uyo mugwi aho yashoboye kumwerekana ,akaba ari uwitwa Hans Michael Weis asanzwe ava mu gihugu c’ububirigi,akaba agiye kumenyereza uyo mugwi wa vitalo ikiringo c’imyaka ibiri nkuko uwurongoye uyo mugwi Benjamin Bikorimana yashoboye kubishikiriza
benjamin bikorimana n'umumenyereza mushasha

Raba amwe mu mafoto y’ingene ivyo birori vyo kwerekana uyo mumenyereza vyagenze:
berekana uwugiye kumenyereza umugwi wa vitalo abamenyeshamakuru bari bavyitavye bamwe mu bafise ivyo barongoye mri uyo mugwi