Général Audace NDUWUMUNSI batazira Goriyati yatakaje ikibanza yari yahawe

0

Général Audace NDUWUMUNSI batazira Goriyati ntakigiye mu gihugu ca Somaliya nk’uko vyari bitegekanijwe. Iyo ntwazangabo yari yatanzwe kugira asubirire umunya Ethiopiya yahora ari icegera c’uwutwara ingabo za AMISOM. Uwo yari gusubirira yongewe ikiringo c’umwaka umwe ariwe akiramutswa ayo mabanga.

nduwu

Kuva iryo zina rya Général Audace NDUWUMUNSI batazira Goriyati ritanzwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2016, abatari bake, cane cane abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi hamwe na bamwe mubo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bari babineguye, bakavuga ko kabaye nk’agashimwe ubutegetsi bumuhaye kubera amabi yagirizwa mu ntureka ziri mu Burundi.

Général Audace NDUWUMUNSI batazira Goriyati yagirizwa ko ariwe yari arongoye ubwicanyi bwakorewe abanyagihugu kuwa 12/12/2015 mu makaritiye yiyamirije ikiringo ca Petero NKURUNZIZA. Général Audace NDUWUMUNSI afise inomero z’akazi SS 0096 aragirizwa kandi igikorwa c’ugutanga ibirwanisho ku rwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD mu burere butandukanye bw’igihuu c’Uburundi.

Abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bari basavye ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ubumwe bwa Afrika ko iryo zina rya Général Audace NDUWUMUNSI batazira Goriyati ritokwemerwa mu kibanza c’icegera c’uwutwara ingabo za AMISOM.