B Face yagarutse mu gihugu ciwe

0

Nyuma y’iminsi myinshi atabarizwa mu gihugu ciwe c’amavukiro,umuririmvyi B face on the flo yagarutse mu gihugu c’uburundi aho yaje avuye mu gihugu c’urwanda aho yaramaze igihe kitari gito
b face
B face on the flo akaba yashitse hano mu Burundi ku munsi wa kane aho yaje aboneka ko yarakumbuye cane igihugu ciwe nkuko yashoboye kubimenyesha ikinyamakuru canyu ubmnews mu kiganiro yaduhaye agishika mu gihugu c’uburundi,
B face akaba yarashoboye kutumenyesha ko yarakumbuye cane uburundi n’abarundi kandi ko anezerewe cane gusubira guhura kandi n’abakunzi bakazi kiwe

Tumubajije ico yaragiye gukora mu rwanda,B face akaba yatwishuye ati:mu rwanda nari nagiye gukora indirimbo na bamwe mu baririmvyi bo mu rwanda n’abarundi bari bariya,ndetse no kuraba ingene abaririmvyi bo muri ico gihugu bakora

Tworangiza tubamenyesha ko B face aheruka gusohora indirimbo n’umuririmvyi yoya yitwa ”Stress”