UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Inkwavu,ikigori n’umuceri nivyo bigiye gutuma igihugu gitera imbere mu mwanya muto.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibiterwa vy’umuceri,ibigori hamwe n’ubworozi bw’inkwavu nivyo Ubushikiranganji bw’ibidukikije uburimyi n’ubworozi bwaraye bushize ku mwanya wa mbere mu bigiye kuteza imbere uburundi mu mwanya muto.N’inyuma y’inama yatunganijwe igenekerezo rya 23 rusama 2024 n’ubwo bushikiranganji hamwe n’urunani PARM rujejwe guhangana n’intambamyi zijanye n’uburimyi n’ubworozi mu ntumbero yo kuduza umwimbu mu Burundi.


Kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 23 rusama 2024 ubushikiranganji bw’ibidukikije uburimyi n’ubworozi bwaratunganije inama mu nyubakwa ya kiriri garden burikumwe n’urunani PARM rujejwe guhangana n’intambamyi zijanye n’uburimyi n’ubworozi mu ntumbero yo kuduza umwimbu mu Burundi.muri iyo nama bashashe ingingo ko igiterwa c’ikigori n’umuceri hamwe n’ubworozi bw’inkwavu ko arivyo bigeye gushirwa ku mwanya wa mbere muvyotuma igihugu gitera imbere mu mwanya muto.muri iyo nama Ndorimana Emmanuel asanzwe ari umwunganizi w’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi niwe yari yaserukiye umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi.

Emmanuel Ndorimana yagize ati:«nukwerekana tuti mbega nibikiki bituma tudashobora gutera imbere ngo turonke umwimbu ukwiye ng dushike kwihangira Leta y’uburundi yihaye rero twaciye twiha ibiterwa vy’ikigori n’umuceri hamwe n’ubworozi bw’inkwavu,ibi nivyo bishobora gutuma uburundi buzamuka vyihuse tukaronka umwimbu ukwiye kugira dushike kuri rya hangiro kugira umunwa wose uronke ico ufungura,umufuko wose ukaronka amafranga.»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments