Leta y-uburundi imenyesha ko yashize umukono ku masezerano ajanye n-ubuzi butobuto butandukanye mu bihugu bifitaniye imigenderanire nk-ibihugu vya Tanzaniya hamwe na Arabiya Saoudite. Vyashikirijwe na Albert Shingiro, umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu, hari mu ndwi iheze igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe mu mezi atatu ya mbere y-umwaka w-2021 ushira uwa 2022 bita mu rurimi rw-igifaransa ˮ année budgetaire‟
Umushikiranganji Albert Shingiro yasiguye ko ari akunguko ku bijanye n-amategeko akingira abarundi basanzwe baja kw-isuma mw-ivyo bihugu hamwe nuko bazohora baronkera imishara yabo mu mabaki kugira ntibarenganywe.
Nkuko bibandanya bishikirizwa n-uwo mushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu w-uburundi, nuko hari abarundi 8700 gushika ubu bari mw-ivyo bihugu ariko ko bashobora kuzokwongerekana nko gushika ku bihumbi 50.
Recent Comments