Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsAbarundi bakorera ubuzi butobuto mu bihugu vya Tanzaniya na Arabiya Saoudite bagiye...

Abarundi bakorera ubuzi butobuto mu bihugu vya Tanzaniya na Arabiya Saoudite bagiye kugira amategeko abakingira.

Leta y-uburundi imenyesha ko yashize umukono ku masezerano ajanye n-ubuzi butobuto butandukanye mu bihugu  bifitaniye imigenderanire nk-ibihugu vya Tanzaniya hamwe na Arabiya Saoudite. Vyashikirijwe na Albert Shingiro, umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu, hari mu ndwi iheze igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe mu mezi atatu ya mbere y-umwaka w-2021 ushira uwa 2022 bita mu rurimi rw-igifaransa ˮ année budgetaire‟Image

Umushikiranganji Albert Shingiro yasiguye ko ari akunguko ku bijanye n-amategeko akingira abarundi basanzwe baja kw-isuma mw-ivyo bihugu hamwe nuko bazohora baronkera imishara yabo mu mabaki  kugira ntibarenganywe.

Nkuko bibandanya bishikirizwa n-uwo mushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu w-uburundi, nuko hari abarundi 8700 gushika ubu bari mw-ivyo bihugu ariko ko bashobora kuzokwongerekana nko gushika ku bihumbi 50.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments