PRESIDENT WA CONGO YOBA AGIRA ATANGE IGIHUGU?
Ikosa rikomeye Tshisekedi yokora ni ukwemera Ibiganiro na AFC/M23!
Twamaze kubona abatowe ngo babe abahuza ba Congo na AFC/M23, hatowe batantu harimwo na Président Uhuru Kenyatta yahoze arongoye Kenya!
Kugira harinde hatorwa Abahuza,birerekana ko Leta ya Tshisekedi yoba iriko irotswa igitutu navya bihugu rutura ngo ije mu biganiro vy’Amahoro!
Kandi kuba Ibihugu vya Buraya(EU) bariko bahenda henda Leta ya Congo,ngo bafatiye Ibihano Urwanda ni inzira imwe muziriko zikoreshwa kugira Bahende Tshisekedi!
Leta ya Tshisekedi ikemera Ibiganiro na AFC/M23 izoba igurishije igihugu! Izoba iguye mumutego mubi cane nkuko twabibabwiye ubwambere!
Mbere yo kuja mu biganiro,umanza kwibaza cane kuwo muganira:
Nganira nande?
Ashaka iki?

AFC/M23 physically ntibaho,
None Congo izoganira gute n’Umurwi utabaho?,hoho naho boganira bizorama?
Nukuvuga Congo igiye mu biganiro na AFC/M23,izoba yemeye kuja mu biganiro na Leta y’Urwanda.
None ivyo Leta y’Urwanda izosaba Leta ya Congo izovyemera?
Kuko iconzi coco bazobasaba amananiza,kuko bazoba bishimikije inguvu bafise!
Muraziko mu biganiro nkivyo,uruhande rugwana ruba rufise ico rusaba rwerekana ko rwarenganijwemwo,
Bashobora gusaba kugabura ubutegetsi,
Kandi barya kubera bigira ko bazi n’Ubwenge,bafise n’Inguvu basaba ahantu hinkora mutima!
Bashobora gusaba ko Ibwirizwa shingiro rya Congo rihinduka,kugira hazanwe rishasha ryemerera Abatutsi bavuga ikinyarwanda ko ari Abakongomani,
Nkubu ikibanza ca mbere AFC/M23 yosaba ni ugutwara Igisirikare,n’ibindi bikomakomeye.
None namba wokwemerera Urwanda ko rutwara Igisirikare muri Congo,rugatwara nubundi bushikiranganji buhambaye,mukindi Gihugu, hoba hari ubukoroni busumba ubwo??
Umuzungu yarirukanwe muri Africa,none Umuny’Africa agenda akolonize uwundi??
None hoho naho bovyemera mwibaza ngo Amahoro yoba abonetse?
Navyo nta mahoro vyozana,kuko budaciye na kabiri ivyo basezeranye vyosambuka!
None abo bose barongoye AFC/M23 ntibatorotse bava mu nzego za Leta? Urya Nanga arongoye AFC siwe yatwara umurwi wateguye Amatora muri Congo?(CENI) Abandi ntibari mu gisirikare bakagita bakaja mw’Ishamba?none ubundi bwo Niki cemeza ko batotoroka nubund!???
The best solution in DRcongo ni kurwana!
Urazi nkubu Tshisekedi yobaye afise Igisirikare gihagaze neza,kitari ic’Urwanda,kitariye ingururire!
Congo yarikwiye kurwana n’Urwanda vyeruye,hama namba Amakungu yosaba Ibiganiro hakaca haba Ibiganiro haganti yayo ma Leta abiri(Rwanda&Congo) kandi ndakurahiye Urwanda ntirwohagarara imbere ya Congo
Intambara yo guhangana igihugu ku kindi!
Ibi biganiro n’ivyo vyoba bifise inguvu,aha hobaho ukwubahana no kwubahiriza imipaka hagati y’Urwanda na Congo!
Ivyitwazo vya misi yose Urwanda rwama rukoresha mu gucinyiza uwo bashaka,ni FDLR ariko murico gihe coca gitora umuti!
Hari Abantu bibaza ngo Urwanda rufise inguvu muvya Gisirikare,ariko ndakubwije ukuri Urwanda ruri mubindi bihugu bikenye,kandi cane!
Urwanda gusa kuberako rwahisemwo guhemukira Abandi banyafrika,bakemera kugira kumategeko yabazungu,no kugendera kuvyo babategetse(ubutinganyi,…)nizo mpamvu barufata mumugongo muvyagisirikare gusumba ibindi bihigu!
Niwibaze nawe,agahugu karaho,Abantu bishwe ninzara,Abandi barwaye amavunja,….ariko ukabona ngo gahangane na South Africa!(Igihugu cihingurira ibigwanisho,gihingura indege za gisirikare…n’ibindi) Igihugu ubwaco cotunga Urwanda muri vyose!
Ivyo vyerekana ko harya si Kagame aba ariko aravuga,ahubwo Abari inyuma yiwe!
Umusi Uburundi bworonka umugabo nyawe,umugabo azira ukwikunda,umugabo azira amacakubiri,umugabo Mumutwe hiyanditse ineza y’umwene Gihugu,umugabo atwarira bose ataravye imigambwe n’Amoko
Mu myaka 10 gusa Abanyarwanda bose boza ngaho kugura ubwenegihugu mu Burundi!
Mu Rwanda babayeho nk’Imbohe,nta muntu avuga ivyiyumviro binyuranye nivya Kagame ngo abeho! Ntanuwobivugira kubutaka bw’urwanda! Bose umuziki ni umwe!
Ntahantu nahamwe hatari igendereza,no mubaropora umucanga,no mumashengero,muba bodaboda,muba coiferi,Eka hose ni iperereza gusa uvuze indirimbo inyuranye niyo Kagame yumva uba urapfuye!
Namba Kagame atamba Reggae,Abanyarwanda bose bakubitirwa gutamba Reggae!
Muzorabe na hano ku mbuga hwaniro,Comments zaba jeunes babanyarwanda zose ni izininahaza Kagame na Leta yiwe,mwibaza ngo ni urukundo bamukunda? Oya, uvuze ibinyuranye na biriya RIB(Rwanda Investigation Bureau) iraguhiga mpaka!
Uwo uzobona Avuze ibindi,uzomenyeko uwo atari mu Rwanda,kandi nawe aca yitwa INTERAHAMWE naho yoba ari umututsi!
Gusa nubwo biruko,Kagame ariyumvira kure cane,afise n’Ubwenge bumeze neza cane!
Iyaba injiji Urwanda ruba rwamiramwo Ingwano,ariko kuba rwararonse umugabo Azi ubwenge kandi anakunda igihugu ciwe,uyu musi umutekano warwo uhagaze neza!
Aba jeunes b’Abarundi ndabandanya kubasaba,mwime amatwi ba Sesa nkuyoze,Abantu babankisha igihugu canyu
Nagira ndababwireko Mwacanka mwacemera ni icanyu!
Namba Leta ihari harivyo itabatunganirije,ntibibatume kwanka Igihugu canyu!
Ama Leta arahindagurika,Imigambwe irahindagurika,
Ariko Igihugu kizoguma hahandi nyene kugeza Isi irangiye kandi muzoguma mucitirirwa naho muzoba mutakibamwo!!
Waba umututsi canke Umuhutu w’umurundi umenye neza ko Igihugu cawe,utegereza guharanira ni “Uburundi” Umunyarwanda ntaco mupfana,naho uzojayo azokwita Umurundi tu!
Abakurambere bati:”Ntawanka kwonka nyina ngo arwaye amahere”





Recent Comments