Général Major Godefroid NIYOMBARE hamwe n’abandi 22 birukanwe mu gisirikare c’Uburundi

0

Inyuma y’aho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA amenyesheje ko amatohoza yaheze ku bapfunzwe bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasohoye itegeko ryirukana mu gisirikare c’Uburundi intwazangabo zagirizwa ugushaka guhirikwa ubutegetsi.

niyo

Kw’isonga ry’abirukanwe mu gisirikare haza Général Major Cyrille NDAYIRUKIYE apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega yagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi, hagakurikira Général Major Godefroid NIYOMBARE yavugiye ku mugaragaro ko asenyuye ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, ubugira gatatu hakaza Général Major Pontien GACIYUBWENGE yari umushikiranganji w’ukwivuna abansi.

Intwazangabo zirukanwe mu gisirikare c’Uburundi ni :

Général Major Cyrille NDAYIRUKIYE, Général Major Godefroid NIYOMBARE, Général Major Pontien GACIYUBWENGE, Général Major Juvénal NIYUNGEKO, Général de Brigade Prime NGOWENUBUSA, hamwe na Général de Brigade Philbert HABARUGIRA.

Colonel Sylvestre MIKOKORO, Colonel Antoine Zacharie TWAGIRAYEZU, Colonel Michel KAZUNGU, Colonel Ambroise MANIRAKIZA, hamwe na Colonel Jean Bosco CUMA

Lieutenant Colonel Arcade NITEREKA, hamwe na Lieutenant Colonel Simon Pierre NAHIMANA.

Major Onésphore NDUWIMANA, Major Prosper NKURUNZIZA, Major Nicaise NTAHOMEREYE, Major Salvator BAPFUTWABO, Major Gabriel NDANEZEREWE, Major Jean Bosco NDUWIMANA, Major Renovat NDUWAYO, hamwe na Major Aloys NZOKIRA.

Capitaine Pierre Claver BUKURU, hamwe na Capitaine Albert NDIHOKUBWAYO.