Général Christophe MANIRAKIZA yacitse kw’icumu mu gitero

0

Imodoka ya Général Christophe MANIRAKIZA batazira Wakenya, umukuru w’imirwi y’igiporisi kidasanzwe mu Burundi (BUS : Bureau des Unités Spécialisées) yatewe n’abantu bitwaje ibirwanisho bambaye impuzu z’igiporisi gicungera inzego API (Appui à la Protection des Institutions). Batatu muri abo bitwaje ibirwanisho bishwe, Général Christophe MANIRAKIZA nawe akaba atari muri uwo muduga watewe.

awk

Ico gitero ku muduga wa Général Christophe MANIRAKIZA batazira Wakenya cabaye mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, kw’ibarabara ryitiriwe Peuple Murundi, hafi ya Avenue de l’imprimerie, iruhande y’isengero rya Pentocote ryo ku Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Iyo modoka ya Général Christophe MANIRAKIZA yaguye muri gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho, abasasu menshi cane aruvikana, hamwe n’amarokete. Batatu muri abo bategereye iyo modoka baguye muri ico gitero, bakaba kandi bari bambaye impuzu z’igiporisi API (Appui à la Protection des Institutions). N’ibirwanisho bitari bike vyafashwe.
Général Christophe MANIRAKIZA batazira Wakenya yarusimvye, kuko atari muri uwo muduga wiwe watewe.

mo1

Tubamenyeshe ko amakuru ikinyamakuru UBM news gifise ari uko iyo modokari yakoreshejwe muri ico gitero, bivurwa ko yoba ari iy’umwe mu bahanuzi ba Petero NKURUNZIZA. Icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Moise NKURUNZIZA yamenyesheje ko iyo modoka yakoreshejwe hari haheze iminsi itandatu yibwe.

Mo2

mo3
mo4