Ashley Diva:Ndashimiye Imana ku myaka 22 y’amavuko nkwije

0

Umuririmvyi w’umurundikazi Ashley Diva arakwije imyaka 22 y’amavuko kuruno munsi nkuko uyo muririmvyikazi yabishikirije ikinyamakuru cacu ubmnews.

Ashley

Mu kiganiro Ashley Diva yaduhaye akaba yatumenyesheje ko yishimye cane kubona akwije imyaka 22 y’amavuko,Ashley Diva akavuga ati:Kubona nkwije imyaka 22 ni kubw’Imana kuko hari benshi twavukiye rimwe ubu batakiriho so kuba rero je uno munsi nkwije imyaka 22 y’amavuko ni kubw’Imana.

Tworangiza tubamenyesha ko urubanza gwo guhimabaza imyaka 22 y’amavuko ya Ashley Diva ruzakubera ku rugo iwe mw’i Rohero.