Uburundi bwatakaje icizere c’irindi shirahamwe

0

Ishirahamwe AWEPA ry’abashingamateka b’Abanyaburaya bakorana na Afrika (The Association of European Parliamentarians with Africa – AWEPA) ryahora rikorana cane n’inama nshingamateka y’Uburundi, ryahagaritse gukorera mu Burundi.

Iryo shirahamwe ryamenyesheje ko ritobandanya gukorana n’inama nshingamateka ikomoka ku matora atubahirije intwaro rusangi.

awe

AWEPA ihagaritse gukorana n’Uburundi inyuma y’aho ishirahamwe CIRGL (Conférence Internationale sur la Région des Grands Lacs) ryahora rikorera i Bujumbura rimenyeshereje ko ryimuriye vy’agateganyo ibikorwa vyaryo mu gisagara ca Lusaka, muri Zambiya, ku mvo z’umutekano muke uri i Bujumbura.

Mw’ikete yanditse, umukuru w’iryo yamenyesheje ko adatekaniwe kubw’umutekano wiwe, hamwe n’uw’abakozi bose muri rusangi. Uwurongoye CIRGL yavuze ko mu gisagara ca Bujumbura, ku ndwi ku ndwi, no ku munsi ku munsi ibiziga bibandanya gutorwa, ivyo bikibonekeza kandi no mu yindi mihingo y’igihugu c’Uburundi.

NTUMBA LUABA, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CIRGL (Conférence Internationale sur la Région des Grands Lacs) i Bujumbura, akaba kandi yamenyesheje ko habandanya kwibonekeza ugutana mu mitwe kw’abaporisi n’abandi bantu bitwaje ibirwanisho, aho n’amagerenade asigaye aterwa mu gisagara ca Bujumbura ku murango izuba riva.