Gelase Ndabirabe avuga ko ivy-icumi vyama vyateye impari mu madini bigiye gushirwa muri BRB.

0

Mu rugendo ariko agira mu ntara ya Cankuzo, umukuru w-inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe mu nama yagirishije abarongoye amashengero mw-iyo ntara , yarabagabishije abamenyesha ko amashengero amwamwe yama yashamiranye kubera ivy-icumi ko ayo mafaranga agiye kuzoca ashirwa mw-ibanki nkuru ya BRB mu mutungo w-igihugu.May be an image of 3 people, people standing and indoor

ˮ Ivy-Imana mwabihinduye ivy-abantu, Kubazosubira gupfa ic-icumi  tuzoca tubwira umushikiranganji agende arabe agasandagu ikirimwo, hama ace agatwara , ayo mafaranga ayashire mw-ibanki BRB mu mutungo w-igihugu. None ko mwananiranye!‟ Niko umukuru w-inama nshingamateka yabwiye abarongoye amashengero bari mw-iyo nama .

Uwo arongoye urwego rukomeye rw-igihugu mu kwiga, kwemeza no gutora amategeko yarongeye aragabisha amashengero apfa ivy-uburongozi ko nayone agiye gufatirwa ibihano ruhasha.  Mu majambo yiwe , Gelase Ndabirabe yabivuze uku : ˮBamwe bapfa amashengero bitwa ko ari abapasitori tuzoca tubwira umushikiranganji abijejwe agende ajane igufuri niniya shire kuri iyo nyubakwa, ace ajana n-igipapuro canditsweko giti :ˮ Guhera uwu musi , iyi nyubakwa ibaye iya Leta‟