Ishirahamwe rya Leta ONATEL ryoba ryarahomvye?

0

Inyuma yaho kuri uwu wa gatatu abakozi b-ishirahamwe rya Leta ryogutumatumanako amakuru ONATEL bahagarikiye akazi mu kiringo c-iminota 30 mu kugaragaza akababaro k-umushahara w-amezi ane baheraniwe badahembwa, Abatari bake bahaye bibaza nyimba ishirahamwe rya Leta nka ONATEL ryoba ryarahomvye canke ryoba rifise iyindi ngorane ikomeye gusa itaramenyekana.RegionWeek on Twitter: "#Burundi: After the extension works of the mobile networks at #OnatelBurundi the only public mobile service provider company in Burundi. Onatel has now started the marketing of its new #

Ibiro vy-umuyobozi mukuru wa ONATEL vyarugarijwe kuri uyu wa gatatu n-abakozi barenga 50 b-iryo shirahamwe. Abo bakozi bamenyesheje imbere y-ibinyamakuru vyari vyahishikiye ko bagomba gushikana ijwi ryabo kure mu ntumbero yo kwerekana ibibazo bikomeye bariko baracamwo.May be an image of one or more people, people standing and outdoors

ˮTumaze amezi ane tutaronswa agashahara kacu . Birababaje uravye ukuntu ubuzima buzimvye  mu gisagara. Ikibabaje gusumba, umukoresha wacu umenga ntaco bimubwiye ‟ Niko uwuserukira abakozi yashikirije.

Abo bakozi b-ishirahamwe ONATEL biyamiriza kandi  ihagarikwa ryo kubatangira imfashanyo y-integabizoza mw-ishirahamwe INSS , hakaba haheze amezi atanu. Umuyobozi mukuru w-iryo shirahamwe wewe yemeza ko abo bakozi baheraniwe amezi atatu gusa, akabagiriza kandi kudatanga umusaruro.

ˮHaraheze igihe dufise ibibazo mu kigega . Ico kibazo kiranazwi n-abakuru mw-iki gihugu. Ariko abakozi ntibatanga umusaruro . Kubera ko ONATEL iriko yibako mu bijanye n-uburyo , igihe amafaranga yinjira ari make, ntishobora kuronka imishahara y-abakozi bayo‟, niko umuyobozi mukuru wa ONATEL yatomoye.