Agathon Rwasa ntatahura imvo ituma ubumwe bwa buraya bukurako ibihano ku burundi.

0

Mu kiganiro yahaye iradiyo y-abafaransa RFI ariko abazwa kugira ico avuze n-ibiheruka gushikirizwa n-umukuru w-igihugu c-uburundi kw-iyo radiyo nyene,  umukuru w-umugambwe CNL Agathon Rwasa ari kubiri cane n-ibiheruka gushikirizwa na Perezida Ndayishimiye.Agathon Rwasa Ninde ? Soma hano umenye vyinshi utaruzi bijanye na Agathon Rwasa - UBM News |United Burundian Media| Amakuru agezweho y'abarundi

Ariko abazwa ku kibazo cerekeye n-ibiganiro bimaze imisi biriko biraba hagati ya Leta y-uburundi hamwe n-umuryango w-ubumwe bwa buraya, umushingamateka Agathon Rwasa yishuye avuga ko ivyo biganiro bihakwa gutuma bishigikira intwaro ihari ubu iriko iguma ihohotera abanyagihugu bayo. Ivyo  Rwasa abivuga afatiye kw-ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu riguma ribandanya mu Burundi: Guhagarika abatavuga rumwe bidakurikije amategeko, iburwa irengero ry-abo batavuga rumwe, itorwa ry-ibiziga vy-abantu baba bishwe,….

Ku kibazo kijanye n-ibiheruka guhakanwa na Perezida Ndayishimiye ko uburundi butari mu bihugu bikenye kw-isi nk-uko ikigo FMI cabitanganje, umushingamateka Agathon Rwasa avuga ko umukuru w-igihugu c-uburundi yari kubihakana akoresheje ibiharuro nk-uko ikigo c-isi yose FMI cabikoze. Ikindi ngo Perezida Varisito Ndayishimiye iyaba yokwishize mu kibanza c-umunyagihugu rucari arimwo ikigihe yobonye ndetse agatahura ko abarundi bari mu bukene butagira izina.

Kucerekeye ivyo Perezida Ndayishimiye aheruka gutangaza ko ariko arahasha abarya ibiturire ndetse n-abasesagura amatungo ya Leta, Umukuru w-umugambwe CNL abona ahubwo ko ata ntambwe n-imwe yigeze iterwa  afatiye k-ukuntu Perezida Ndayishimiye yahonyanze izuba riva ibwirizwa shingiro ry-uburundi mu gace karyo kavuga ko abagize Leta bakicinjira mu mabanga yabo bategerezwa kuca berekana amatungo yabo. Kubwa Agathon Rwasa, ngo na Perezida Ndayishimiye ubwiwe ntayo yerekanye amatungo yiwe. Icababaje kuruta ni ukuntu umukuru w-igihugu yivuguruje kw-iryo tegeko haciye igihe gito akavuga ko ivyo kwerekana amatungo y-abategetsi basanze bigoye kuko ubutunzi bw-umuntu afise ari ibanga ryiwe.