UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Abakukuruke bahoze mu gisoda n’igipolisi c’igihugu barasaba amafaranga bemerewe.

Abahoze mu gisoda n’igipolisi c’igihugu basaba ko ivyo bemerewe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ko vyoshirwa mu ngiro nimba bitari uruhendo.ivyo babivuga bafatiye ku majambo umukuru w’igihugu yivugiye igihe yarahira kurongora igihugu mu mwaka wa 2020 aho yavuze ko abahoze k’urugamba bazohora baronka agashahara kangana nako bahora bahembwa bakiri kukazi.

kubw’inkuru dukesha I radiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu,abo bahoze k’urugamba bavuga ko Evariste Ndayishimiye yabibagiye.umwe mu bahoze k’urugamba yaganiriye na RPA agira ati:«Twararyohewe twumvise umukuru w’igihugu ashikiriye ubutegetsi ariko ararahira avugu yuko agiye gukora ibishoboka vyose abantu bose bageze mu zabukuru bahoze bakorera igisoda n’igipolisi c’igihugu ko bazoronka agashahara kangana n’ako bahora bahora bahembwa bakiri kukazi.tumaze kuvyumva twariruhukije turavuga ko turonse umukuru w’igihugu yitaho abakukuruke kuko ata wundi mu Prezida wundi yigeze atwiyumvirako.mugabo twararindiriye ko iryo tegeko rija mungiro amaso ahera mu nzira».

Abo bakukuruke bakarangiza basaba n’umushikiranganji wa mbere hamwe n’icegera ca mbere kwibutsa Prezida Ndayishimiye ivyo yabemereye .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments