Gélase Ndabirabe amenyesha ko inama nshingamateka arongoye itazorota yemeza itegeko ryo gutorana ku bakenyezi.

0

Umukuru w-inama nshingamateka Daniel-Gélase Ndabirabe aheruka kumenyesha ko abakenyezi baharanira ivyo gutorana mu Burundi  ata kindi bashaka atari ugutitura imico y-ikirundi.  Abo nabo Gelase Ndabirabe avuga ko ata bandi  ari abakenyezi bize kandi bakaba mu miji. Akongera akavuga ko abarundi bose atavyo bashaka  kuko vyohava bivyara akarambaraye. Ivyo bikaba vyavuye mu matohoza Leta yakoze, nkuko abandanya abivuga uwo arongoye iyo nama nshingamateka y-uburundi.   Uwo arongoye urwego rutora rukongera rukemeza amategeko y-igihugu yabivugiye mu ntara ya Muramvya igihe yariko agirisha  inama mu mpera z-indwi iheze abarongoye amadini.May be an image of one or more people, people sitting and text that says 'J1 PAN PROVINCE MURAMVYA COMMUNE MURAMVYA VACANCES PARLEMENTAIRES NOVEMBRE 2021 2/11/2021'

Ndabirabe ati :

ˮIbintu vyo gutorana  ndaziko mu misi iheze vyahaye biravurwa cane  mu miheze n-abakenyezi bamwe bamwe  bo mu muji muga tuza gusanga ko ari abantu bize gusa babivuga kugira basambure imico y-abarundi. Muri Leta, baragerageje kubibaza abenegihugu  bose baravuga bati Oya! Reka reka ! Nimwashiraho itegeko rituma abakenyezi, abakobwa batorana iwabo ati hazoba ingorane zidasanzwe. Ati honyene nubu baricana! Ati honyene ibaze ubu hamwe muciye mwemeza iryo tegeko ivyoca bishika?‟

Kubwa Daniel-Gélase Ndabirabe, ngo ntiharagera rero ko itegeko ryo gutorana rishirwaho kubera ko kwoba ari uguca kubiri n-imico y-abarundi.

ˮIbintu vyogutorana, ntitwanka abashiki bacu oya! Ariko ukwo imigenzo y-abarundi imeze ntiharagera aho twovuga ngo dushireho ibwirizwa ryo gutorana‟  Niko Ndabirabe abandanya asigura.

Twobibutsa ko ivyo vyashikirijwe n-umukuru w-inama nshingamateka y-uburundi vyibutsa amajambo yashikirijwe n-umuhisi Perezida Nkurunziza  aho nawenyene yari yavuze ko atazigera ashiraho itegeko ryo gutorana  ku bakenyezi n-abigeme.