Abatimbo b-ingoma b-i Gishora babajwe n-ukuntu basubirijwe mu baherekeza perezida Ndayishimiye i Dubaï.

0

Abavuza ingoma bo mu gishora mu ntara ya Giheta  bavuga ko batangajwe  no kubona basibijwe guherekeza umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye  mu rugendo yatanguye kuri uyu wa mbere mu gihugu ca Emirats Arabes unis  nkuko vyari bitegekanijwe . Bavuga ko basubirijwe n-abandi bo mu gisagara ca Bujumbura  bari mu gisata c-ingenzi.May be an image of 6 people, outdoors and text that says 'BURUNDI'

Umukuru w-abo batimbo asigura ko bahomvye amafaranga y-amarundi arenga imiriyoni zine  uko ari 12 bakoresheje  mu kurondera ivya ngombwa  vyo kujabuka  harimwo no kwiyunguruza n-uburaro  mu misi bamaze babirondera. Oscar Nshimirimana amenyesha  ko babwiwe ko urugendo rwasivye  kandi ko atari irya mbere biba hakagenda abandi mu kibanza cabo.

Abo batimbo basaba ubushikiranganji bujejwe imico kama kubarenganura . Kubw-ivyo, mu mubonano n-umushikiranganji  Ezekiel Nibigira  yabasavye kwandika vyihuta ikete ririmwo amafaranga yose bakoresheje hanyuma barimuzanire kugira ubushikiranganji bujejwe ingenzi buyabarihe.