UBM News ads UBM News ads
Friday, June 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’urwanda iriyamiriza ‘amajambo aturira’ yashikirijwe na Perezida Ndayishimiye w’uburundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’urwanda yaraye yiyamirije ico yise ‘amajambo aturira kandi atari kinyafrika’ yashikirijwe na Perezida Ndayishimiye arongoye uburundi aho yemeye kuzofasha abanyarwanda na cane cane urwaruka rwo mw’ico gihugu kwikurako indongozi zabo avuga ko zabagize ‘abafungwa mu karere’.

Mw’itangazo Leta y’urwanda yashize ahabona kuri uyu wa mbere, imenyesha ko ayo majambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’uburundi kuri uyu w’Imana imbere y’urwaruka rw’abanyekongo rugera ku 500, ari «ivyagiriji vyinshi bidafise ishingiro kandi biturira bigamije gucanishamwo abanyarwanda ndetse bikabera intambamyi mu bijanye n’amahoro n’umutekano mu karere k’ibiyaga binini».

Leta y’urwanda imenyesha ko kuba umuntu uwari wewese agerageza guca intege ku bimaze gukorwa agahamagarira urwaruka guhirika ubutegetsi buhari, biteye amakenga. U Rwanda rugira ruti:« Kuba umukuru w’igihugu kibanyi yakoze ivyo, … ni ukutinengesera gukabije kandi binahonyanga amasezerano agenga umuryango w’ubumwe bwa Afrika»
Mu kiganiro yagiranye n’urwaruka rw’abakongomani kuri uyu w’Imana , Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yarifatiye mu gahanga u Rwanda ko bufasha imihari ihungabanya umutekano mu karere.

Perezida Ndayishimiye yavuze kandi ko ari ‘ngombwa kubandanya urugamba gushika aho abanyagihugu bo mu Rwanda nabo nyene batangura kwotsa igitutu abarongozi babo, aho yongeye ko agira ati :«Ndibaza ko n’urwaruka rw’urwanda rutashobora kwemera kuba impfungwa mu karere»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments