UBM News ads

Gelase Ndabirabe agabishije abashikiranganji,Budget Programme harico igiye guhindura?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’inama nshingamateka Gelase Ndabirabe agabishije abashikiranganji bose ko hagiye kurungikwa abashingamateka mu bisata nka vyose vy’igihugu kuraba ko budget programme yubahirizwa,basanze utayubahiriza uzohamagarwa mu nama nshingamateka habe urubanza rw’ikibiriraho!

Gelase ati:”Ndabivuze kumugaragaro ibihugu vyose bitwumva,uwo tuzosanga atubahiriza budget programme tuzomugamagara mu nama nshingamateka atubwire igituma atayishira mu ngiro,uwo bazogaraguza agati ntambaze,hazoba urubanza rw’ikibiriraho”.

Ivyo yabivugiye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, aho umushikiranganji w’ikigega ca Reta Nestor Ntahontuye yariko arashikiriza raporo y’ingene amafaranga yakoreshejwe mu mwaka w’ibikorwa 2023-2024, hamwe no mu gice ca 2 c’umwaka w’ibikorwa 2024-2025

ku ciyumviro c’umushingamateka Hon Agathon Rwasa,yasavye ko Mu nama nshingamateka y’uburundi hari igikorwa bibagiye kandi ahandi bikorwa aho hakwiye kuba amatohoza y’abashingamateka kubakora ubunyonyezi maze bagakwirikwirana

Gelase Daniel Ndabirabe arongoye inama nshingamateka avuga ko hagiye gutunganywa umusi w’abashingamateka uhariwe kugenda mu bisata vyose vy’igihugu kuraba nimbabudget programme ikwirikwizwa.

kubashikiranganji bizogaragara ko badakwirikiza budget programme kugira bagume banyonora uburyo bwa Leta,bazohamagarwa mu nama shingamateka maze uwo bazogaraguza agati hazoba urubanza rw’ikibiriraho.

Gelase Ndabirabe ati:”Hazoba une journée morte,abashingamateka tubarungike bose mu bisata bitandukanye,umushikiranganji bazosanga atubahiriza budget prorgramme ntatubaze!”.

Arongera ati:”uwo bazogaraguza agati ntambaze,ndabivuze kumugaragaro n’urubanza rw’ikibiriraho!’

Budget programme n’umugambi mwiza usanzwe ukorwa mu bihungu nka vyose vyo kw’isi aho amahera agenda gukora ibikorwa yagenewe.

Umushikiranganji kanaka aja gusaba amafranga ahwanye n’ibikorwa yateguye bivuze ko igikorwa kijana n’amafranga yaco.

Hamwe vyokorwa neza mu burundi kumbure vyogabanya ubusuma bwinshi bukorwa mu bisata vya Leta!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments