UBM News ads

Inama nziza Hon Agathon Rwasa ahaye Gelase Ndabirabe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Hon Agathon Rwasa aributsa umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe ko hari umugenzo wibagiwe mu nama nshingamateka y’iburundi kandi bikorwa mu bindi bihugu!

N’ikijanye n’amatohoza yimbitse y’abashingamateka akorwa iyo bigaragaye ko hari ibitangenda neza mu Gihugu!

Rwasa Agathon agira ati:”Iyo Hari ibibazo bitagenda neza mu gihugu,EnquĂȘtes parlementaires ziraba,kuki mu Burundi bitaba kandi mu Bindi bihugu bikorwa,ibi vyotuma bamwe banyonora amatungo ya leta bafatwa bagahanwa!

Gelase Ndabirabe akamo yakumvise nka nkama mbere yemeza ko bigiye gutangura aho abashingamateka bose bazorungikwa mu bisata bitandukanye vya Leta kwirabira uko wa mugambi wa budget programme ukorwa maze abatavyubahiriza kugira babandanye banyuruza ubutunzi bwa Leta bashirweko intoki!

Ibi yabivugiye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, aho umushikiranganji w’ikigega ca Reta Nestor Ntahontuye yariko arashikiriza raporo y’ingene amafaranga yakoreshejwe mu mwaka w’ibikorwa 2023-2024, hamwe no mu gice ca 2 c’umwaka w’ibikorwa 2024-2025

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments