Gabriel RUFYIRI yoba agira afate ikibanza cahoramwo Mohamed RUKARA

0

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri yoba ariwe agira ahabwe kuba umuhuza w’Abarundi (Ombudsman), asubire mu kibanza cahoramwo Mohamed Rukara yahunze igihugu. Inyifato y’uwo arongoye ishirahamwe rirwanya abarya igiturire yari imaze iminsi itera amakenga.

Amakuru mu kinyamakuru UBM news dukura mu begereye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, hamwe n’intwazangabo zo kw’ipete rya Général bo muri CNDD FDD, yemeza ko izina rya Gabriel RUFYIRI rigiye gushikirizwa inama nshingamateka y’Uburundi kugira abe ariwe yemezwa nk’umuhuza w’abarundi (Ombudsman), afate ikibanza cahoramwo Mohamed RUKARA yahunze, n’aho muri Reta y’Uburundi bavuga ko ari kwivuza mu gihugu c’Ububirigi.

Mu gihe Gabriel Rufyiri yari asanzwe azwi nk’uwushira ahabona amabanga akomeye n’ubunyonyezi n’ibiturire bikorwa mu Burundi, ntiyigeze yifadikanya n’ayandi mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, ahubwo akaba yagumye aboneka mu manza zikomeye z’igihugu, aho aheruka kuboneka akaba ari mu gisabisho (Breakfast Players) gitunganywa rimwe mu mwaka na Petero NKURUNZIZA hamwe na Reta yiwe. Gabriel RUFYIRI akaba kandi aheruka kwakirwa na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ibitari bimenyerewe mu Burundi abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

ruf

Kuva ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA bitanguye, Gabriel RUFYIRI ntagishira ahabona ubusuma n’intwaro itabereye vyibonekeza mu Burundi, amakuru ikinyamakuru UBM news gifise akamenyesha ahubwo ko aguma akora ingendo z’ukuja kuronderera amahera Reta ikoresha, uruheruka akaba aheruka kurugira mu gihugu c’Uburusiya.

Ubucuti bwa Gabriel RUFYIRI na Reta y’Uburundi bubonekera kandi ku kungene ishirahamwe OLUCOME arongoye ritarabwa n’ingingo y’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi y’uguhagarika ububiko bw’amafaranga y’iryo shirahamwe (Fermeture de compte), mukibuka ko ayandi mashirahamwe yafatiwe iyo ngingo. Kuri urwo rutonde rw’abantu bafatiwe iyo ngingo n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, habonekako cane cane abantu hamwe n’amashirahamwe yagize uruhara mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu Petero NKURUNZIZA, nka Pacifique NININAHAZWE, Maragarita BARANKITSE, Vital NSHIMIRIMANA, Petero Karaveri MBONIMPA, n’abandi.
Inyuma ya Maragarita Barankitse n’ikigo Maison Shalom bafatiwe ingingo y’ukwugarirwa ububiko bw’amafaranga, hakurikiye :
1. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE
2. Vital NSHIMIRIMANA arongoye urunani FORSC
3. Armel NIYONGERE arongoye ishirahamwe ACAT
4. Ishirahamwe FOCODE
5. Urunani FORSC
6. Ishirahamwe ACAT (Action des Chrétiens pour l’Abolition de la torture)
7. Ishirahamwe APRODH rirongowe na Petero Karaveri MBONIMPA
8. Ishirahamwe PARCEM rirongowe na Faustin NDIKUMANA
9. Ishirahamwe AMINA (Association des nciens Militaires Démobilisés)
10. Ishirahamwe FONTAINE – ISOKO
11. Urunani SPPDF ruhurikiyemwo amashirahamwe y’abakenyezi.
12. Ishirahamwe RCP rirongowe na Vital Nshimirimana