Kiriri : Ibisasu bibiri vyaguye hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu

0

Ibisasu bibiri vyo mu bwoko bwa obus vyaguye i Kiriri mw’ijoro ry’umunsi wa gatatu ushira uwa kane, hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Ivyo bisasu ntaco vyononye

Ivyo bisasu bibiri vyaguye hafi y’ingo z’abaserukizi babiri b’ibihugu vyabo i Bujumbura, basanzwe baba i Kiriri hafi y’ikirimba c’i Bujumbura c’umukuru w’igihugu. Ayo makuru atangwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, akemezwa n’umwe muri abo baserukira ibihugu vyabo mu Burundi atashimye ko izina ryiwe rimenyekana, avuga ko ivyo bisasu ata kintu na kimwe vyononye.

Imbere y’uko abo baba hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bemeza ayo makuru, abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bari bakwiragije amakuru ku mbuga ngurukanabumenyi mw’ijoro ryo ku munsi wa gatatu, bamenyesha ko bumvise ibisasu bikomeye bibiri vyaturitse, ariko bakaba batari bwamenye aho vyaturikiye.

pani

Abajijwe n’itororokanirizo ry’amakuru AFP, umuvugizi w’igiporisi OP1 Pierre NKURIKIYE yahakanye ayo makuru y’ibisasu vyatewe hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu, amenyesha ko ari ububeshi.

Amakuru ava mu biyamiriza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA amenyesha ko abafashe ibirwanisho biyamiriza ubwo butegetsi biyemerera ko aribo bateye ivyo bisasu barondera ikirimba ca Petero NKURUNZIZA. Tubamenyeshe kandi ritabaye irya mbere ico kirimba giterwa ibisasu, kuko hari ibindi bibiri vyatewe muri ako karere mu kwezi kwa Ndamukiza hamwe na Gitugutu umwaka w’2015, kuva aho Petero NKURUNZIZA amenyeshereje ko azokwitoza ubugira gatatu, ibiteye kubiri n’amasezerano y’i Arusha, hamwe n’ibwirizwa shingiro.