UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC: Gen.Jeff Nyagah yararongoye ingabo za EAC yatanze imihoho kubera ko umutekano wiwe ngo warubangamiwe.

UBM News ads

Uwurongoye ingabo z’akarere ka Afrika y’ubuseruko zagiye kugarukana amahoro mu buseruko bw’igihugu ca Congo , General Jeff Nyagah yatanze imihoho. Mw’ikete yarungikiye umunyamabanga mukuru wa EAC, Iyo ntwazangabo yo mu gihugu ca Kenya imenyesha ko umutekano wiwe warubangamiwe. Akaba yagirije abari mw’ ishirahamwe ryigenga rifasha muvya gisirikare hamwe n’abapolisi , Abo bantu basanzwe bafatwa na Leta ya Congo ko bari mubafasha cane muvyo guha inyigisho izo nzego zibiri z’umutekano, ngo bamuteye ubwoba mu gushira hafi ku rugo rwiwe muri Nzero uyu mwaka ivyuma bijejwe kuza bimusuzuma ivyo abariko akora vyose.

Uwo yararongoye ingabo za EAC avuga kandi ko yagiye atyozwa n’abakongomani batari bake biciye mu mu ruganda rwashizweho ndetse rugashigikwa muvy’uburyo . Nyagah akavuga ko intumbero y’ishirwaho ry’urwo ruganda kwari ukumwambika ibara ko akorana n’ umuhari M23.

Mw’iryo kete kandi, Gen.Jeff Nyagah amenyesha ko Leta ya Congo itigeze ifasha muvy’ uburyo na bumwe ababa mu biro bikuru vy’ingabo za EAC , akarorero nko kutarihira uburaro intwazangabo, kudahemba abasivire bakorera mw’ico gisata hamwe n’ukutabarihira amatara, Ivyo Nyagah avuga ko biciye ku biri n’ivyo bari bumvikanye na Leta ya Congo imbere y’uko izo ngabo z’akarere ziza mw’ico gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments