UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Frédéric Bamvuginyumvira avuga ko ubutegetsi bwa Cndd-Fdd bufise intumbero yo gucinyiza abarundi mu kubakenesha

Bamvuginyumvira yisunze ivyavuye mu mwiherero wahuje abarundi baturuka mu mihingo itandukanye y’isi wabereye mugihugu c’ububirigi mu kwezi kwa mbere guheze avuga ko batahuye ko mu gushaka guhamba amasezerano ya Arusha,ubutegetsi bwa Cndd-Fdd bufise intumbero yo kuguma bucinyiza abanyagihugu mu kubakenesha atacamira.

Kubw’inkuru dukesha radio RPA ijwi ry’abanyagihugu,Bamvuginyumvira agira ati:«ikindi co gutegera nuko uyu musi uravye hose mu gihugu ukabona imigambi y’ubutegetsi bwa cndd-Fdd n’ugufata itunga ry’igihugu bakarigira iry’abo abanyagihugu bose babakeneshe,abafise amafaranga menshi babakeneshe canke babice canke babomore niko vyagenze kandi niko biri.abo bantu bafate itunga rya Leta ryose barishire kumufuko wabo abanyagihugu bakene bategeke abantu b’abakene kuko badashobora kugira ijambo kuko bavuga bati bakenye bazotuyoboka tuzobategeka uko dushaka».

Bamvuginyumvira amenyesha ko mu nama bakoze mu bubirigi bateye akamo abarundi kugira bamenye iyo bariko baraja n’iyo bariko barajanwa agira ati :« abanyagihugu ntibagume bahoze uwuvuze wese ngo bahore umuntu akaza guhonyora uburenganzira bwawe ugakoma amashi ugakomeza unumye ubwo nibwo buja».

Tububutse ko mu kwezi kwa mbere guheze mu bubirigi habaye ihuriro ry ‘abarundi bavuye mw’isi yose bakaba bamaze imisi itatu bari mu mwiherero wo kurabira hamwe uko igihugu c’uburundi gitunganijwe muri kino gihe n’icokorwa kugira ibintu bihinduke.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments