Perezida Ali Bongo wa Gabon yaraye ahiritswe ku butegetsi n’abasirikare aratabaza bagenzi we aho bari hose kuvuza induru kugira akurwe mu kibanza apfungiwemwo ic’amaso. Akavuga ko umuryango wiwe atazi iyo uherereye inyuma yo gufatwa mpiri n’umurwi w’abasirikare kuri uyu wa gatatu.
Mw’ireresi yagiye ahabona kuri uyu wa gatatu inyuma y’amasaha make yatswe ubutegetsi yaramazeko igihe kuva mu 2009, Ali Bongo yatabaje avuga uku:
«Nitwa Ali Bongo Ondimba, umukuru w’igihugu ca Gabon. Nashaka ntange ubutumwa ku bagenzi banje bose bari kw’isi ndababwira ko bovuza induru kubera hari abantu bampagaritse. Umuryango wanje , umuhungu wanje bari ahantu. Umugore wanje ari ahandi hantu. Ndi ahantu ncunzwe ic’amaso. Ndasavye muvuze induru».
Tubamenyeshe ko umurwi w’abasirikare wahiritse Ali Bongo waraye utangaje kuri Tereviziyo y’igihugu ko Géneral Brice Clothaire Oligui Nguema yahora arongoye ingabo zicungera Perezida Bongo ariwe agiye kuyobora igihugu mu kiringo c’intwaro mfatakibanza kugira hategurwe amatora meza ndetse yizewe n’abanye Gabon bose.
Recent Comments