Kuruwu wa kane igenekerezo rya 8 Ndamukiza, niho Inama nshingamateka iza gukorana kugira yige itegeko ryo gusonga indembe canke abantu baba bafise ubumuga butazokira.
Inyuma yaho inama nkenguzamateka itashoboye kuryemeza, iryo tegeko rihabwa amahirwe menshi yo kwemezwa ni mu gihe abashingamateka bo m-umugambwe uri k-ubutegetsi La Republique en marche baryumva kumwe bompi.
Tubamenyeshe ko mu gihe iryo tegeko ryotorwa, igihugu c-ubufarasa kizoba kibaye igihugu ca gatanu cemeje iryo tegeko aha twovuga nk-ibihugu vya Hollande, Espagne, Luxembourg na Belgique.
Naho birukwo, hari bamwe mu bashingamateka batemera iyemezwa ry-iryo tegeko ndetse n-ishengero katolika yaramaze kuryamirira kure.
Recent Comments