Akarusho karabonetse kuva aba commissionnaire bahagaritswe.

0
Kuva muntango z’uyu mwaka hagiye harafatwa ingingo zo kwirukana aba commissionnaire mu masoko atandukanye, none ubu abaguzi n,abadandaza barashima bakavuga ko akarusho kibonekeza, tukaba twabahitiyemw akarorero ko muntara ya Ngozi.
Kuva hakuwe aba commissionnaire mw’isoko ry’ibitungwa ryo mu Vyegwa muri komine Gashikanwa intara ya Ngozi haribonekeza akarusho kuko kugiciro c’inka havuyeko amafranga ari hagati y’ibihumbi 200 na 300. Ivyo bivugwa na Théophile Niyibizi Musitanteri w’iyo komine, uwo mutegetsi amenyeshako hariho aba commissionnaire bacikika mukiza bakabandanya ibikorwa vyabo.
Musitanteri wa komine Gashikanwa agasaba abagurisha n’abadandaza ibitugwa kudomako urutoki uwigira umuranzi atawabimusavye kuko bakora ubusuma.
Ivyo bikaba bibaye mugihe ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buherutse kumenyesha ko bugiye guhagurukira abaranzi (Commissionnaires) ngo kuko akazi kabo ataho gatandukaniye nubusuma.