FNL : Jacques Bigirimana ngo yoba afitaniye ubucuti budasanzwe na CNDD-FDD ” Umviriza hano Audio

0

Jacques Bigirimana umukuru w’umugambwe wa FNL  yemewe imbere yamategeko yaraye avugiye amajambo kuriRadio Bujumbura internationale imwe mumaradiyo akorera kubuhinga bwa none mugushikiriza ivyiyumviro vyabanyepolitike ba Barundi na cane cane mw’iki gihe ayandi maradiyo yaturiwe atakivuga ,ariko ayo majambo Jacques Bigirimana yashikirije kuriyo Radio ariko iribazwako ibintu vyishi cane ,ninaburya wumva neza ko Jacques Bigirimana avuga ashigikira ubutegetsi bwa CNDD FDD kandi yamye ari mubavuga kwaburwanya.

jack

Aya majambo ya Jacques Bigirimana yatumye abantu benshi batangura kwemeza neza yuko ashobora kuba afitaniye umubano udasanzwe hamwe na CNDD FDD kuko abaye umunyepolitike wambere yavuze yagiriza amakosa abasanzwe barwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Jacques Bigiramana ati : Ntahonyabwoko umugambwe CNDD-FDD uriko urategura wo guhonya abatutsi.

-Ntahonyabwoko ryo kwica abatavugarumwe na Leta ririko rirakogwa hano mu Burundi.

-Bamwe bama mumigumuko yo kwiyamiriza Petero Nkurunziza nibo birirwa barica abantu hanyuma bagaca bavyegeka kuri Leta.