Musaga : Umusirikare avuga ikinyarwanda yishwe

0

Mu gatondo ko kuri uwu wa kane, muri zone ya Musaga, umusirikare umwe w’Uburundi yari mu bajejwe umutekano bariko basaka ibirwanisho yarishwe n’abantu batamenyekana.

Kw’ibarabara rya mbere rya zone Musaga, amakuru ikinyamakuru UMB News gifise n’uko umuntu yari yambaye impuzu z’igisirikare c’Uburundi ariko avuga ururimi rw’ikinyarwanya, akaba yari mu bajejwe umutekano bariko barasaka ibirwanisho yishwe.

Ayo makuru amenyesha ko abamwishe bamwagirije ko ari INTERAHAMWE yambitswe impuzu w’igisirikare c’Uburundi. Kuri uwo munsi wa kane nyene ku muhingamo, n’uwundi munyagihugu avuga ikinyarwanda atamenyekanye aho ku Musaga yarishwe.

gas

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi c’Uburundi aremeza ayo makuru, akavuga ko mu gisirikare c’Uburundi bazi ko hari umusirikare yazimiye ari mu bikorwa vy’ugusaka ibirwanisho, ariko akavuga ko ataramenya ko yoba yarishwe.