CNDD FDD yasavye Ban -Ki- Moon ko yogarukana imfashanyo amakungu yemeye

0

Umugambwe CNDD-FDD urashima ingingo zafashwe n’inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ugasaba abarundi bose kuzokwitaba ibiganiro vyasabwe n’amakungu. Uwo mugambwe usaba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Ban -Ki- Moon guhimiriza ibihugu vyahagaritse imfashanyo zari zigenewe Uburundi kuzirekura.

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko ushima kandi ko ibihugu vya rutura biserukiwe muri iyo Nama Nkuru y’Umutekano ya ONU hamwe n’ibindi bihugu kw’Isi vyatanguye kubona no gutahura mu nzira y’ukuri inyishu z’ibibazo bimaze igihe bibera mu Burundi. Muri CNDD FDD bati : Iyo ni intambwe amakungu yaraye ateye mu nzira yo kumenya ibibazo nyakuri n’umuti nyakuri ubereye. Iyo abaserukira ibihugu bimwe bimwe mu Burundi bagenda bihweza neza ibiba mu Burundi, nk’uko bivugwa na CNDD FDD, ingorane ziri mu gihugu ntizari gushika aha, bakagiriza ibihugu bimwe bimwe ko vyagiye birahabwa amakuru atari yo n’ababiserukira mu Burundi, ivyo bikaba vyatumye navyo bifata ikibazo uko kitari n’inyishu hagafatwa izitarizo.

dada

Umugambwe CNDD-FDD wemeza ko Abarundi ubwabo ata bibazo bafitaniye hagati yabo, kandi ko n’ivy’amoko ari ababibatsindagiramwo, bivuye hanze bigatuma baryana ku nyungu atari izabo.
Mw’itangazo basohoye ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu, umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko wiyemeje kuva kera inzira y’ibiganiro kuva ukiri n’Umuhari mu gutorera inyishu z’ibibazo biba bihanze igihugu. Uwo mugambwe wemereye Abarundi n’Amakungu ko impanuro y’ibiganiro bisa n’uwakubise uwashaka kurira.

Mw’itangazo ryateweko umukono na Pascal NYABENDA arongoye CNDD FDD, uwo mugambwe wasavye abarundi bose kwumva iyo ngingo yaraye ifashwe no kuyifata nka nkama kugirango uwufise ijambo wese azorishikirize mu bwigenge ntangere muri ivyo biganiro bigiye kuba kandi bizoba mu mutekano ntangere, mu mahoro no kwubahana. Uwo mugambwe wasavye Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU) Ban -Ki- Moon guhimiriza ibihugu vyahagaritse imfashanyo zari zigenewe Uburundi kuzirekura, kuko abantu batoja mu biganiro, babirangure neza hari imbugita kw’izosi yo kubicisha inzara.